Umutekano: kubera ubutegetsi buri mugihugu imirwi yitwaje ibigeanisho iguma yisuganya mugabo bamwe bagafatwa.

Muramvya : Inkoho zibiri na gerenade zitatu nizo zerekanywe.Nk’uko bishikirizwa na Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, ivyo birwanisho vyafatiwe ku rugo rw’uwitwa NZOHABONIMANA asanzwe aba mu ntara ya Gitega.

Mu giporisi bavuga kandi ko ivyo birwanisho ari ivyakoreshwa n’umurwi w’abasuma bibisha inkoho mu ntara za Gitega, Muramvya na Mwaro.

Abantu bane b’ahafatiwe izo nkoho na gerenade bari mu gasho k’igiporisi i Gitega, ku mvo z’amatohoza.

Publicités