Wipfurijwe kwibukwa n’Imana

_Ndabaramukije amahoro y’Imana._
_Nipfuje ko twosangira amajambo y’Imana:_

THÈME : *_ »KWIBUKWA N’IMANA. »_*
_YOWELI 2:18,21,27_
*_ »18: Maz’Uhoraho agirira ishaka igihugu ciwe, agirira ikigongwe abantu Biwe._*

*_21: Ewe gihugu, ntaco utinya, nezerwa, uhimbarwe, kuk’Uhoraho yakoze ibikomeye._*
*_27: n’uko muzomenya yuko ndi hagati mu Bisilayeli, kandi ko nd’Uhoraho Imana yanyu, nta yindi iriho: n’ukuri abantu banje ntibazokwongera kumaramara. »_*

_Ndakwinginze wigore usome ayo majambo y’Imana uhereye ku gice ca 1 c’Uwavugishwa n’Imana Yoweli, uc’ubona ingene Yoweli yakoreye Imana mu gihe kitoroshe: ibibazo ari vyiiiiinshi mu gihugu, abantu bishwe n’amapfa hamwe n’amagorwa, n’abantu b’Imana batakironka n’ico bashikanira Uhoraho Imana y’Abisirayeli._
_Maze Yoweli abigisha ingene bogaruka k’Uhoraho: Imana Ikunda guharira, Umunyakigongwe ciiiiinshiiii, Imana Igira neeeezaaaa bugaca bukira, Imana yam’Iteze amaboko uwushaka kwihana wese kwihana ngw’ave mu ngeso ziwe mbi, ngw’akore ibigororotse._
_Aha rero aya majambo atwereka ingene Uhoraho yari yabagiriye ikigongwe akabaha ivyo bamusavye, hanyuma akabarekurira n’imvura y’umugisha mu gihugu._

_Ariko kugira bishurwe, bicishije bugufi: barihanye ivyaha bakoze bikababaza Imana, hanyuma baca basenga Imana bisonzesheje kugira basabe Uhoraho ngw’abahingukirizekw’ inyonga ziwe._

_Kwicisha bugufi imbere y’inyonga z’Iyishobora vyoooose, ugatunganya ingeso zawe, ukihana ivyaha vyawe, ukatura ivyaha wakoze, ukishira mu maboko y’Imana nk’uw’ataco ushoboye, nk’umuntu w’umunyantege nke ataco ashoboye adashobojwe n’Imana, na yo ICA ISERUKA, IKIHESHA ICUBAHIRO, ABATARI BABIZI BAKAMENYE K’UFISE IMANA._
_Ushobora kuba wugarijwe n’amageragezwa, uriko wibaza uti mbega ejo ho nzory’iki ❓ Canke nzambar’iki ❓❓ Uravye agashahara uhembwa, wibutse ko ata kazi ugira, uravye imibereho yawe ya misi yose ukabona umengo gupfa vyokurutira kuguma uruhiye mw’isi._

Humura, Hariho IMANA yambika amashurwe, Se w’impfuvyi zoooseee, umugabo w’abapfakazi booose, Imana yam’Imenya abatagira kiruhura, Imana Ibana n’abafise Imana imenetse, na we Irakuzi. 

_Kurya Imana yibutse abisilayeli igihe bari bahejeje kuyihindukurira, Ikabaha imvura, Ikabatabara mu magorwa yabo yooooseee yar’abugararije, nawe niwiyegereza Imana wicishe bugufi m’umutima imbere y’Imana, ukarabe m’ukudacumura, uzoronka ku Mana ivyo umutima wawe wipfuza._

_Ushobora kuba utabona inyishu ah’izozanana ariko: ah’inkomezi zacu zinanirirwa nih’Imana nayo Itangurira kwiyerekana ko Ishoboye vyoooseee, kw’atakiyinanira na kimwe._

_Nimba warasenze usaba Imana ko imvura yo kwibukwa n’Imana yorwa m’ubugingo bwawe, birorere wihanganye, ukomeze gusenga wizigiye kw’Imana Izobikora._

_Abasomye aya majambo bakayizera Imana Ibahezagire kandi Ibahe gukomerezwa m’Ukwizera._

IRADUKUNDA Prisca Bella._