Rwanda : Urubanza rwa Diane Rwigara n’abo mu muryango wiwe rwashizwe ku wundi munsi

Mu ntahe yo kuri uwu wa mbere, ari baje kwumviriza bari benshi ku buryo ku buryo hari hashizweho ivyuma bishikana amajwi kure.

Umushingwamanza Buhuru afashwe abo mu muryango wa RWIGARA yamenyesheje ko atarasoma ibirego, arico gituma atateguye urubanza. Yasavye ko urubanza rushirwa ku yindi sango kugira abanze asesangura ingingo zafashwe na Sentare. Yasavye iminsi itanu.

Adeline Rwigara, umuvyeyi wa Diane Rwigara yabwiye abacamanza ko we n’abana biwe batazi ico bagirizwa, avuga ko bakeneye kubona dosiye bakaburana bayifise.
Umushikirizamanza yabwiye uwo muryango wa RWIGARA ko abakurikiranwa bose babwiwe ivyo bagirizwa, bumvishwa n’amajwi arimwo ibimenyetso vy’ivyaha bairizwa vy’ugushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

Inyuma y’izo mpari, Sentare yasavye ivyasabwe n’umushingwamanza w’abakurikiranwa n’ubutungane ko yohabwa iminsi itanu y’ukwiga ibiri mw’idosiye, urubanza rwimurirwa kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 11 Gitugutu 2017 isaha zitatu z’agatondo, ni ukuvuga inyuma y’iminsi itatu.

c01e4059-f324-406d-a428-c028458affd4-297-00000009be75c924