Ngozi: Umugabo yagirizwa ubusuma yatowe ikiziga

Mu giporisi bavuga ico kiziga catowe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro.Nk’uko mu giporisi babandanya babimenyesha, imbere y’ico kiziga hari ivyo mu giporisi bavuga ko uwo mugabo yari yivye.

Amatohoza akaba yatanguye kugira abajejwe umutekano bamenye uwagandaguye uwo muntu.

Mu giporisi bavuga kandi umuntu azwi kw’izina rya Ngezahimana Yohakimu yapfuye kuri uwu wa kane inyuma y’ukunywa inzoga ya kanyanga. Abandi babatu bayisangiye nabo bakaba ari indembe ku bitaro vy’i Gitega aho bariko baravurirwa.