Ijambo ry’Imana 

Ndabaramukije mwese mw’Izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo!Nipfuje ko twosangira aya majambo ari muri Luka 12:39. Haravuga ngo:

Kandi mumenye iki, yuko iyaba nyene urugo yari asanzwe azi igihe igisuma kiziramwo, yogavye ntiyokunze ko inzu yiwe yimbwa.

Bene Data, iyo igisuma kikwivye ivyo wabiriye urwuya, vyakugoye, urababaaaaaara!!! Iyo usanze inzu yawe bayimvye, bakinjira, bakagutwara ibiri imbere muri yo, sinobabwira agahinda ugira wikanguye ugasanga bakwimbiyeko inzu!!! Ivyo ndabibabwira ndabizi kuko vyarigeze kudushikira, dusanga bimvye batwivye!!!

Rero ijambo ry’Imana rivuze ngo iyaba umuntu yarazi ico gihe igisuma kiziramwo kikimba inzu kikongera kikiba, ngo yogaaaaavye, agateraaaama, ku kwanka ko bamwimbira inzu kandi bongere bamwibe utwiwe!

Nagomba tubanze turabe ivyo igisuma gishobora kwiba iyo gishitse mu nzu: ivyombo, amafranga, ivyuma, …., ivyo rero nyene vyo kuko yabibiriye urwuya kugira abironke, ategerezwa kubiteramira, akabibera maso kugira ntabihombe!

Bene Data, natwe ijambo ry’Imana riraturarikiye kwama twiteguuuuuye, tugaaaaavye, kuko hariho uwo turindiriye, twiteze ko agiye kugaruka vuba?

Igituma rero dukwiye kwiteguuuuura caaaane gusumba wa muntu ateramiye urugo rwiwe, n’uko urya we naho bomwiba birya bintu, ni batasiga bamwishe, wewe arashobora kuzoronka n’ibindi, ariko twebwe uwo turindiriye azoza rimwe gusa!!!!!!!!!

Ntagusubiramwo, kandi uwo ivyo tumuzigako bisumba vya bikoresho bokwivye muri ya nzu ya wa muntu.

Uyo tumuzigako ubugingo budashira, ikindi naco n’uko ni twahomba ubwo bugingo budashira, tuzotahira umuriro uzotubabaza ibihe bidashira! Ntibikazotubeko mw’izina rya Yesu Kristo!!! Ico nico codutuma tugaba caaaaaane kugira ngo uwo munsi ntuze udusange tutiteguye bene Data!

Ubwo bugingo budashira twarabukoreeeeeeye, bamwe ni kuva dutanguye kumenya ubwenge, abandi nabo babitanguye bakuze gukorera ubwo bugingo budashira, n’ukuvuga ko twabubiriiiiiiiye urwuuuuya rwiiiiinshi!!!!!!!!!!!!!!!

Mbega umubabaro ku bazosangwa batagavye!!!!! Umwami Yesu adutabare bakundwa!!!! Muvyo uzoba uriko urakora vyoooooose, ugume wikabakaba wumviriza ko woba witeguye!!! N’ukuvuga ko woguma uraba ko ata caha n’akaha vyohava bikubuza gusanganira Umwami Yesu inzamba ivuze.

Mwese abumvise iri jambo rikabafasha, uhoraho abahezagire! Aaaaamen!!!!