Ruyigi:Ihuriro ry’abepisikopi katorika muri Afrika yo hagati bagendeye impunzi

Ihuriro ry’abepisikopi katorika bo mu karere ka Afrika yo hagati ACEAC, baragendeye kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 12 Nzero 2018,ikambi y’impunzi iri muri Zone Bwagiriza, Komine Butezi, intara ya Ruyigi. Mw’ijambo ryiwe umukuru w’iryo huriro, yamenyesheje ko nk’abakozi b’Imana, bazobandanya guca ahashoboka hose kw’isi bavugira izo mpunzi.

Abagize ihuriro ry’abepisikopi katorika mu karere ka Afrika yo hagati bari baherekejwe n’umuhanuzi mukuru wa buramatari,icegera c’uwuserukira HCR mu Burundi, n’abandi bakorera mu gisata c’impunzi.

Mw’ijambo ryiwe, umuhanuzi mukuru wa buramatari w’intara ya Ruyigi yamenyesheje ko mu Burundi bwose eka mbere no mu ntara ya Ruyigi hari amahoro, aca asaba abepisikopi katorika guhamagarira abarundi bahungiye mu Rwanda no mu gihugu ca Kongo gutahuka mu gihugu.

Umukuru w’ihuriro ry’abepisikopi katorika mu karere ka Afrika yo hagati ACEAC yavuze ko bari bajanye ubutumwa bw’umwungere wa Ekleziya katorika kw’isi, ubwo yama ashikiriza impunzi, ubwo nabwo bukaba bushingiye ku bintu bine : Kwakira, gukingira, guteza imbere, no kubaha ikibanza.

Mwomenya ko urwo rugendo abepisikopi katorika bo mu karere ka Afrika yo hagati barugize ku rutonde rw’ibikorwa biriko birabahuza kuva kw’igenekerezo rya 9 gushika kurya 13 Nzero 2018, mu ntara ya Gitega.

Abo bepisikopi bakaba baboneyeho n’akaryo ko guha infashanyo z’infungurwa ku mpunzi zisinzikaye gusumba izindi.