Urwego rwo kwivuna abansi rwatumyeko abashasha bagomba kurwinjiramwo

Ibiro bikuru vy’urwego rwo kwivuna abansi, bimenyesha ko iyandikwa ry’abarundi bashaka kwinjira muri urwo rwego mu mugabane w’abasirikare bato bato, iyandikwa ritegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 26 Ruhuhuma gushika kurya 16 Ntwarante 2018, ku mirwa mikuru y’intara zose.

Nk’uko biri mw’itangazo ry’umukuru w’urwego rwo kwivuna abansi mu Burundi Lt General Prime NIYONGABO, uwushaka kwiyandikisha asabwa kuba ari umurundi canke umurundikazi, kuba avyishakira, kuba atarubaka urwiwe, akemera kandi kuguma ari umusore canke inkumi kugeza ahejeje inyigisho za gisirikare,kuba afise imyaka itari munsi ya 18 canke irenga 25, kuba yarahejeje umwaka wa gatatndatu w’amashuri y’intango,kuba atigeze aba mu nzego z’umutekano, no kuba afise amagara meza.

Muri iryo tangazo nyene, umukuru w’urwego rw’umutekano mu Burundi amenyesha ko uwushaka kwiyandikisha ategerezwa kwerekana ifotokopi y’iakarata karangamuntu,urupapuro rwemeza amavuko yiwe,urupapuro rw’umwidondoro wiwe wose, urupapuro rwemeza ko ari umusore canke inkumi, urupapuro rwemeza ko yigenza neza, urupapuro rwerekana amanota yaronse mu mwaka wanyuma yize,urupapuro rwa muganga wa Reta rwemeza ko afise amagara meza, ifoto zitozito zine(passports).

Iryo tangazo rimenyesha ko abazoba banditswe basabwe ko kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante 2018 boba bari ku mirwa mikuru y’intara bitwaje ibikoresho vyo gukora ikibazo c’ibiharuro n’igifaransa, nayo ikibazo co kwinonora imitsi kikazokorwa kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2018.