Nijeriya : Abanyeshuri 22 bahitanywe n’isanganya ry’imodoka

Abanyeshuri 22 n’uwariko atwara imodoka barimwo nibo bamenyekanye ko basize ubuzima mw’isanganya ry’imodoka yunguruza abanyeshuri mu Buraruko bwa Nijeriya, nkukwo bivugwa na Kabiru Daura umwe mu ba porisi bajejwe uruja n’uruza mu mabarabara.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Ijwi rya Amerika, abo banyeshuri bari mu rugendo rw’ishuri bava kwishuri ryisumbuye rya Bauchi bagana igisagara ca Kano, uwutwara umuduga aca agira ikibazo n’imodoka atwara.

Kabiru Daura avuga ko iryo sanganya ryabereye ku birometero 5O vy’igisagara ca Kano, akavuga ko uwutwara imodoka yagonze iyindi modoka, mu gihe iyo yariko aratwara yagize ikibazo.

Amasanganya akaba akunda kwibonekeza muri Nijeriya bivuye ku mabarabara atameze neza.