Cankuzo : Abarundi 166 bahungutse bavuye mu gihugu ca Tanzaniya

Impunzi 166 zahora mu gihugu ca Tanzaniya nizo zakiriwe kur’uyu wa kane igenekerezo rya 8 Ntwarante 2018, muri komine Cendajuru, mu ntara ya Cankuzo.

Amakuru dukesha umukuru w’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko izo mpuzni zigizwe n’abagabo 17, abagore 42 n’abana 107, bagize imiryango 58.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko izo mpunzi zahungutse ziva mu makambi y’impunzi ya Mtenderi na Nduta, mu gihugu ca Tanzaniya.