Kanyosha : Umukozi wo mu nzu yarashwe n’umuporisi ahejeje kumukubita

Umuporisi umwe yarakubiswe, umukozi wo mu nzu azwi kw’izina rya NIYOKWIZIGIRA Chadrack nawe, akomeretswa n’urusase, mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2018, mu Kanyosha, muri komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko vyose vyatanguye nk’igihe c’isaha zibiri n’igice z’ijoro, muri Quartier Musama ya Gatanu, muri zone Kanyosha,aho umuporisi yahamagarwa kugira atabare uwitwa Mohamed Maulidi yariko arwana n’uwo mukozi wo mu nzu.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko, uwo mu porisi amaze kurwanywa gushika ku rugero rwo gushaka kwicwa,yahavuye afata ingingo yo kwirwanira.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, avuga ko mu kwirwanira, uwo muporisi yahavuye arasa NIYOKWIZIGIRA Chadrack mu bitugu, aca rakomereka.