Urwanda rwasiguye icatumye abayoboke ba Zebiya barungikwa mu Burundi

Umushikiranganji w’imigemderanire n’ayandi makungu w’igihugu c’Urwanda Louise MUSHIKIWABO amenyesha ko ko icatumye impunzi ziheruka kwakirwa zivuye mu gihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo zitahukanwa, aruko zanse gukwirikiza amategeko y’igihugu c’Urwanda hamwe n’amategeko mpuzamakungu agenga impunzi.

Nk’uko tubisoma mu rwandiko inomero 161/09.01/CAB.MIN/18 uwo mushikiranganji yandikiye mugenzi we w’Uburundi kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2018, Louise MUSHIKIWABO amenyesha ko abo barundi banse guharurwa hakoreshejewe uburyo bwa none bongera banka ko abana babo bari munsi y’imyaka 5 bahabwa urucanco.

Uwo mushikiranganji w’Urwanda avuga ko izo mpunzi z’abarundi zashikirije ko ukwemera kwabo kutabibarekurira.

Mu biganiro abo barundi bagiraniye n’ubwo bushikiranganji bari kumwe na HCR,Louise MUSHIKIWABO avuga ko banse kwemera ivyo basabwa ariko bahitamwo gutahuka mu gihugu c’amavukiro.

Urwo rwandiko rurangiza ruvuga ko igihugu c’Urwanda cemeye ivyasabwe n’abo barundi gica gifata ingingo yo kuzifasha kugira zitahuke, kandi ko ico gihugu kizobadanya giha Ubuhungiro uwo wese azoba yemeye kwubahiriza amategeko y’igihugu hamwe n’amasezerano mpuzamakungu agenga impunzi.

Mu giporisi c’Uburundi babicishije ku rubuga rwabo rwa twitter, bavuga ko izo mpunzi z’abarundi zirukanywe kuko zanse kwinjizwa n’abasirikare b’Urwanda mu mirwi itera Uburundi.

Impunzi z’abarundi zishika 2523 zakiriwe na Reta y’Urwanda kw’igenekerezo rya 7 Ntwarante 2018 zivuye mw’ikambi y’impunzi y’i Kamanyola mu gihugu ca Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo, inyuma yaho banse kwakira imfungurwa z’ishirahamwe HCR aho bamenyesheje ko ukwemera kwabo kutabarekurira kuzifungura.

Izo mpunzi zashizwe mu makambi y’impunzi atatu nfatakibanza yo mu gihugu c’Urwanda ,arizo Nyarushishi,Bugesera hamwe n’ikambi ya Nyanza.