Hagiye gutanguzwa isekeza ryo gukingira impene indwara y’akaranda

Ubuyobozi bukuru bw’ubworozi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bumenyesha ko igikorwa co gucandaga impene bazikingira indwara y’akaranda, kizotangura kuwa mbere igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2018.

Serges NKURUNZIZA, umuyobozi mukuru w’ubworozi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, amenyesha ko igikorwa co gucandaga impene kizobera mu ntara 12 zigize igihugu.

Umuyobozi mukuru w’ubworozi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi avuga kandi ko, ico gikorwa kizokorwa mu minsi 22, kikazokorwa n’abakurikirana amagara y’ibitungwa bahawe inyigisho.

Kuva mu kwezi kwa mbere 2018, niho ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwemeje ko habonetse indwara y’akaranda k’impene mu ntara zimwe zimwe zo hagati mu gihugu.

Ubushikiranganji hamwe n’abarongoye intara nka Kayanza, bahavuye bafata ingingo zo gukinga ko iyo ndwara ikwira igihugu cose, harimwo kwugara amasoko y’ibitungwa, guhagarika uruja n’uruza rw’ibitungwa, hamwe no kuragira impene ku misozi.