Ubushikiranganji bw’umutekano bwashikirije uko umutekano wagenze muri Ndamukiza 2018

Ubushikiranganji bw’umutekano no kurwanya ibiza bumenyesha ko mu kwezi kwa Ndamukiza 2018, abantu 22 bapfuye basomye nturi,9 bahitanwa n’inkuba,25 nabo bahitanwa n’amasanganya yo mw’ibarabara,nayo 10 bariyahura bivuye ku mvo zitandukanye z’ingorane z’imiryango

Mu gihe hashikirizwa uko umutekano wari wifashe mu kwezi kwa kane guheze,Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano no kurwanya ibiza, amenyesha ko mu kwezi kwa ndamukiza 2018, ubugizi bwa nabi bwagabanutse kandi nabagiye barakora ivyaha bimwe bimwe bafashwe bongera bashirwa imbere y’ubutungane.

Pierre NKURIKIYE yibukije ko mu bigizi bwa nabi bwibonekeje muri ukwo kwezi, ari igisasu ntezwantoki catewe ku bunywero bita Kugakende bwo mu Carama,2 zatewe mu ntara ya Kayanza,abagizi ba nabi bategereye imodoka yunguruza abantu i Gihanga mu ntara ya Bubanza,abakozi 2 b’ishirahamwe BUCECO batezwe umutego hamwe n’abasuma 3 bivye imoteri y’ubwato buroba n’ibido 3 z’igitoro ca peterori mu ntara ya Rumonge.

Uwo avugira ubushikiranganji bw’umutekano no kurwanya ibiza yavuze ko muri uku kwezi kwa Rusama bazorwanya ubugizi bwa nabi bw’ubwoko bwose, harimwo no gucunga umutekano mu matora y’ibiwirizwa nshingiro rishasha ryimirije, bahereye ku gikorwa co kwiyamamaza catanguye kw’igenekerezo rya 1 Rusama 2018.