Ruyigi : Impunzi 702 zakiriwe zahungutse ziva mu gihugu ca Tanzaniya

Abarundi 702 bari bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya nibo bakiriwe ku rubibe Uburundi buhana na Tanzaniya, muri komine Gisuru, intara ya Ruyigi. Abo barundi bose bahungutse, bava mu ntara ya Cankuzo.

Abo barundi bose bahungutse bavuye mw’ikambi y’impunzi ya Mutenderi mu gihugu ca Tanzaniya, bagizwe n’imiryango 219, irimwo abagabo 340 n’abagore 362.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bwamenyesheje ko impunzi ibihumbi 72 arizo zitezwe guhunguka zivuye mu makambi y’impunzi ari mu gihugu ca Tanzaniya, kuva kw’ igenekerezo rya 5 Ndamukiza umwaka wa 2018 gushika igenekerezo rya 31 Kigarama 2018.

Gushika ubu ishirahamwe HCR na Reta y’Uburundi barafashanya mu gikorwa co gutahukana izo mpunzi, zikaba zishikira mu bibanza bine vyatunganijwe mu gihugu, kugira zakirirwemwo.