Kuri wewe ni ho nunamurira amaso, Wewe uvyagiye mw ijuru

ZABURI 123: 1-2 Kuri wewe ni ho nunamurira amaso, Wewe uvyagiye mw ijuru. Nk’ukw’amaso y’abashumba bayahanga ukuboko kwa shebuja, kandi nk’ukw’amaso y’incoreke iyahanga ukuboko kwa inabuja, Nikw’amaso yacu tuyahanga Uhoraho, Imana yacu, Gushitsa ah’azotugirira ikigongwe. Alleluyaaaaaaa. Hanga amaso yawe ijuru, ushire umutima wawe wose k’Uhoraho dusenge : Turagushimiye Mana yacu Imana Ikomeye cane wabanye natwe waturinze Watuzigamye n’Ushimwe Mana, tukweretse uyu musi kugira ngo uze kubana natwe mû maja no mû maza, muvyo tuza kwirigwamwo vyose tubigushize mû biganza ni wewe twizigiye ni wewe duhanze amaso ni wewe ducururiraho umutima icubahiro n’inganji birushirizeho kuba ivyawe mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen.

Publicités