Mairie: Amazu adandarizwamwo hafi y’ishure Stella Matutina yasambuwe

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura cabomoye kuruno wa gatanu igenekerezo rya 17 Myandagaro umwaka wa 2018 amazu adandarizwamwo yubatswe hafi y’ishure ryitwa Stella Matutina hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako ayo mazu y’ubudandarizo yari yubatswe hadakwirikijwe amategeko kandi abo vyega bari bamaze kugabishwa incuro nyinshi kugira bahagarike izo nyubako ariko ntibavyumviye.

Pierre NKURIKIYE avuga ko ico gikorwa cakozwe n’abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura bafatanije n’igiporisi kandi igikorwa carangiye atakintu na kimwe cononekaye.

Publicités