Shebuja abona y’uk’Uhoraho ari kumwe nawe, kandi k’Uhoraho yamuhaye kugira ikiganza ciza ku co akozeko cose

Itanguriro 39: 3 Shebuja abona y’uk’Uhoraho ari kumwe nawe, kandi k’Uhoraho yamuhaye kugira ikiganza ciza ku co akozeko cose. Alleluya bwoko bw’Imana, Yosefu yari kw’isezerano, yubashe Imana mû buryo bwose n’ abamutunze bamubonamwo ubuntu bw’Imana aho ageze hose ibuntu vyarahinduka baramwizigira kuko Imana yari muri we !!!! Wewe se gute? Kugira uzoshike muri bimwe Imana yagusezeranira uriko wifata gute?uriko ugenda gute? Uriko ukora gute? Raba wihe inyishu urabe ko uriko uremerwa n’Imana ntiwemerwe n’abantu guko ataco bashoboye, ariko ni wemerwa n’Imana Ikaba muri wewe naho bokurwanya Irakwemeza abatakwemera. DUSENGE : Mana Data wa Twese Turagushimiye cane wabanye natwe waturinze Watuzigamye tuvyutse turi bazima n’Ushimwe Mana,turakwinginze iyi ndwi dutanguye Uze Ubane natwe kugira tuze tumere nka Yosefu mû rugendo rwiwe rwose gushika abe mu masezerano wari waramusezeraniye, natwe turi murugendo Data Wera ntaco twokwishoboza, turamire utwuzuze mw’inkomezi zawe utwuzuze mw’ imbabazi zawe , kugira dushike muvyo wadusezeraniye, Urakoze Mana y’Ubushoboshozi, n’uyu musi Urabana natwe abakwizigiye twese tuze kubona ukugira neza kwawe icubahiro n’inganji no gufukamirwa birushirizeho kuba ivyawe mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen.