Umusi ikibazo co kwinjira mu mashure y’akarorero kizokorerwako wamenyekanye

Ubushikiranganji bw’indero,inyigisho z’ubuhinga hamwe n’imyuga bumenyeshako umusi ikibazo co kwinjira mu mwaka w’indwi w’amashure y’akarorero kizokorwa kw’igenekerezo rya 23 Myandagaro umwaka wa 2018 kuva isaha imwe n’inusu yo mu gitondo.

Mw’itangazo umushikiranganji w’indero,inyigisho z’ubuhinga hamwe n’imyuga yashize ahabona , Janviere NDIRAHISHA amenyeshako abanyeshure bari k’urutonde rw’abazokora ico kibazo bategerezwa kwibangikanya kuruyo musi w’ikibazo urupapuro rw’amanota baronse mw’ishure ruriko ikidodo c’ishure n’umukono w’umuyobozi waryo ,ikaramu hamwe n’agacamurongo.

Janviere NDIRAHISHA aheraheza avuga ko abo banyeshure bategerezwa kuzokwambara umwambaro w’ishure kandi bimosheje imishatsi.

Publicités