Leta y’Uburundi irisuka cane muvyo amashengero.

Mu Burundi twarabonye amakete acanacanako ahagarika abaja ku misozi no mu vyumba vy’amasengesho, ayo makete yose akavuga yuko ari ku mvo z’umutekano. None abaja gusenga nibo bahungabanya umutekano? Canke Leta ntishobora gukingira umutekano w’abariko barasenga? Leta y’Uburundi irakwiriye kwikubita agashi ikareka abana b’Imana b’Ihanga ry’Uburundi bakidegemvya mu kuja ku misozi y’amasengesho no muvyumba vy’amasengesho yo ku karago, kuko ugutakambira Imana bizokiza Uburundi.

Igica cibonekeza muri ivyo vyose ni ukubera imvo za politike naho zitavugigwa hejuru. Amategeko agenga amashengero atera aba amananiza nkayo uko umwungere w’ishengero ategerezwa kuba atuye mugihugu. Ni nayo mategeko leta yishimikije muguhagarika Pasteur Edmond Kivuye na Pasteur Simbananiye Arthemon. Kubandanya bakaza amategeko ku mashengero ntibizofasha kuko bazohava basanga bariko baranigana n’Imana.

Publicités