Uganda: Sentare ya gisirikare yakuye ibirego vyagirizwa Bobi WINE

Sentare ya gisirikare yo mu gisagara ca Gulu mu buraruko bw’igihugu ca Uganda rwafuse ibirego vyagirizwa uwutavugarumwe na Reta ya Uganda Bobi Wine bijanye no gutunga inkoho hamwe n’amasasu atabifiye uburenganzira.

Bobi Wine yagirizwa kugira uruhara mu kumena ibiyo vy’imodoka vy’umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Kaguta MUSEVENI akaba amaze ikiringo c’indwi afunzwe.

Ugufatwa kwiwe akongera agafungwa hamwe n’abandi banyeporitike vyatumye haduka indyane muri poritike murico gihugu mu kiringo c’indwi yose.

Igihe yafatwa igisirikare ca Reta cakoresheje amasasu mu gushwiragiza abariko bakora imyiyerekano ikomeye umuntu umwe ahasiga ubuzima abandi barenga 100 naba barafatwa.

Ejo ku musi wa gatatu uheze, abanyeshuri bo muri kaminuza ya Kyambogo bafashe ingingo yo guhagarika ivyigwa bavuga ko bazosubira kwiga umukuru w’igihugu arekuje Bobi Wine hamwe na bagenzi we.

Publicités