Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yuguruye umugambi w’igihugu w’iterambere « PND 2018-2027»

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yuguruye k’umugaragaro kuruno wa gatatu igenekerezo rya 22 Myandagaro umwaka wa 2018 umugambi w’igihugu w’iterambere wo kuva mu mwaka wa 2018 gushika mu mwaka wa 2027, PND (Plan National de Developpement 2018-2027).

Mw’ijambo ryiwe ariko yugurura uyo mugambi w’igihugu,Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNIZA yamenyesheje ko uwo mugambi uzomara imyaka 10 bawutanguje mu gihe igihugu kiriko kiratera imbere bimwe bishimishije mu bijanye na poritike,ubutunzi hamwe n’imibano.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yasavye abarundi gufata uyo mugambi w’igihugu w’iterambere nk’uwabo bongere bakorane umwete kugira bashikire iterambere rirama mu vy’ubutunzi n’imibano ,abasanzwe bafasha mu bisata bitandukanye nabo yabasavye kuzokwisunga uyo mugambi w’igihugu mu bikorwa vyabo.

Ico gikorwa co kugurura k’umugaragaro uyo mugambi witabwe n’abagize reta y’Uburundi,abayobozi bakuru ba reta,abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abandi.

Publicités