Ubushakashatsi mu buvuzi zo mu Bwongereza buvuga ko ubuki ari wo muti wa mbere w’inkorora

Amabwirizwa mashasha y’ikigo c’ubuhanga mu buvuzi n’ay’ikigo c’ubuzima vyose vyo mu Bwongereza, asaba ko ubuki n’iyindi miti itari iyo kwa muganga ari vyo vu a mbere bikwiye gufatwa n’umurwayi w’inkorora.

Aya amabwirizwa asaba abaganga kwandikira gake gashoboka imiti igabanya ububabare abarwaye inkorora.

Impuguke mu buvuzi zo muri ibi bigo zivuga ko akenshi inkorora ihita yoroha ubwayo inyuma y’indwi zi biri.

Aya mabwirizwa yahawe abaganga, agamije gufasha mu guhangana n’ikibazo c’ndwara zimwe na zimwe zisigaye zigarambana imiti igabanya ububabare ntizivure.

Izi mpuguke zivuga ko gukoresha imiti igabanya ububabare igihe n’imburagihe, bituma indwara zimwe na zimwe zigorana kuzivura, haremwa udukoko twa mikorobe duhangana n’iyo miti.

Publicités