Igiporisi cerekanye inkozi z’ikibi zagirizwa kwiba urugo rw’umutariyano

Igiporisi c’Uburundi cerekanye umurwi w’abantu 10 b’inkozi z’ikibi bafashwe bariko bariba ku rugo rw’umutariyano akora ku bitaro vy’i Kiremba ca Ngozi asanzwe afise umugore w’umurundikazi.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya Ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako abo bafashwe uko ari 10 bagizwe n’abajejwe umutekano 3 harimwo umusirikare 1 n’abaporisi 2 hamwe n’abanyagihugu 7 bakaba bafatanywe inkoho 2 ntonto zo mu bwoko bwa pisitore hamwe n’ibikoresho vy’ishirahamwe REGIDESO.

Pierre NKURIKIYE avuga ko abo bafashwe bagiye gushikirizwa ubutungane .

Uyo avugira ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya Ibiza atera akamo abantu bose kwamana amakenga ,mu gihe babonye abantu batamenyereye babishikirize abajejwe umutekano kuko haheze imisi hibonekeza abantu bigira abakozi b’amashirahamwe mu kuja kwiba.

Publicités