Umbere ubwishimikizo, nk’ukw’ijambo ryawe ryavuze,kugira ngo mbeho…

ZABURI 119:116-117 Umbere ubwishimikizo, nk’ukw’ijambo ryawe ryavuze,kugira ngo mbeho,noye kuzoteterezwa n’ivyizigiro vyanje. Undamire nzoba ndarusimvye,nze name ntumbera ivyo washinze.

Uwo muntu yariko atakambira Uhoraho.

ABANYEFESO 6:18 Musengere muri Mpwemu uburyo bwose bwo gusenga nokwinginga,kand’ivyo mubibere maso, mukobeje rwose,musengera abera bose.

Iyo umuntu ariko asenga yinginga,aba ariko yerekana ko ubwiwe adashoboye uretse Imana yonyene yokumutabara.

Amasengesho yokwinga asaba kutarambirwa naho woba utevye kuronka inyishu,bisaba ugumizeko.

Dusenge: Mwami Uhoraho turagushimiye ko wumva ugusenga kwacu kandi turakwingize ngo wishure imitwaro yacu,twizeye ko ugiye kubikora, ni mw’izina rya Yesu twizeye,Amen.

Publicités