Abana banywa itabi n’inzoga bashobora kugira ingorane z’amagara ku myaka 17

Abana banywa itabi n’inzoga batuma udutsi twabo dutwara amaraso twononekara iyo bashikanye imyaka 17, nkuko vyashizwe ahabona n’icigwa cakozwe.

Mw’isuzuma ryakozwe, basanze udutsi twabo dutwara amaraso dukongatara hakiri kare.

Ivyo ngo bishobora gutuma umuntu afatwa mu buzima n’ingwara y’umutima n’iy’udutsi tuvomera amaraso mu bwonko.

Muri ico cigwa basanze udutsi dutwara amaraso tw’abana bahevye kunywa itabi n’inzoga dusubira mu buryo.

Abo bashakashatsi bakoze ico cigwa hagati y’i 2004 n’i 2008 ku bana 1266 b’imiryango.

Ico cigwa caratangajwe mu kinyamakuru « European Heart Journal ».

Publicités