Gitega: Ikibazo co gutora abana bazokurikirana inyigisho zo kumenyesha amakuru kiriko kirakorwa

Abana bipfuza kwimenyereza umwuga wo kumenyesha amakuru ku rwego rw’igihugu bariko barakora ikibazo ca nyuma kibaha uburenganzira bwo kuronswa inyigisho zijanye n’uyo mwuga.

Bitegekanijwe ko inyuma y’ico kibazo kiriko kirakorwa hazoca hatorwa umuhungu hamwe n’umukobwa muri buri ntara kugira bazoce batangura inyigisho zijanye no kumenyesha amakuru mu mwaka uza wa 2019.

Abana bazotorwa kugira bakurikirane izo nyigisho bose ni 40 ku rwego rw’igihugu, 36 bo mu ntara hagati hamwe n’abandi 4 bo mu myaka yahera bazokwiyongerako 2 bo mu gisagara ca Bujumbura,umwe w’i Gitega hamwe n’uyundi umwe wo mu ntara ya Ngozi.

Publicités