Uganda:Bobi WINE yongeye gufatwa

Umuririmvyi akongera akaba umunyeporitike w’igihugu ca Uganda,Bobi WINE yongeye gutabwa muri yompi n’inzego zijejwe umutekano murico gihugu zimufatiye ku kibuga c’indege ca Entebbe aho yarafashe urugendo aja hanze y’igihgu mu ntumbero yo kwivuza.

Amakuru atangwa amenyeshako Bobi WINE yarafashe urugendo agiye kwivuriza mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika acahagarikwa igihe c’isaha imwe n’inusu z’ijoro aherekejwe n’abashingwamanza biwe ,umuryango wiwe hamwe n’abakunzi biwe.

Ayo makuru avuga ko Bobi WINE yabanje kwemererwa kwinjira ku kibuga c’indege ariko igihe indege yari kumutwara ihashitse yankiwe kuyinjiramwo inzego zijejwe umutekano zica ziramufata zimujana mu bitaro vyitwa Kiruddu.

Bivugwako Bobi WINE yasinzikaye bimwe bikomeye bivuye ku nkoni n’ayandi mabi yakorewe igihe yarafunzwe.

Bobi WINE yankiwe gusohoka igihugu mu gihe yaheruka kurekurwa vy’agateganyo na sentare nkuru ya Gulu.

Umuvugizi wa reta w’igihugu ca Uganda, Ofwono Opondo yavuze ko Bobi Wine azemererwa kuja kwivuza hanze y’igihugu abaganga ba reta bamusuzumye bakemeza nimba uburwayi bwiwe busaba ko aja hanze y’igihugu kwivurizayo.

Publicités