Umurwi CVR watunganije inama yo guhanana ivyiyumviro bijanye n’ibikorwa vyawo

Umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi CVR ufadikanije n’ikigo kijejwe kwamira no gukinga indyane hamwe n’igisata cigisha ivya kahise muri Kaminuza y’Uburundi ,vyatunganije kuruno wa kane igenekerezo rya 30 Myandagaro umwaka wa 2018,inama yo guhanahana ivyiyumviro kubijanye n’uko uyo murwi wokora mu kumenya akahise.

Bimwe mu bitegekanijwe muriyo nama yo guhanahana ivyiyumviro n’ibijanye no kumenya intambanyi zo kumenya kahise ku ndyane z’igihugu,uko umurwi CVR wokora mu kurondera amakuru ya kahise hamwe n’aho uyo murwi ugejeje igikorwa co kumenya kahise ku gihugu.

Ibikorwa vyo kugurura k’umugaragaro ico gikorwa vyatangujwe n’icegera c’umukuru w’umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi pasitori Clement Noe NINZIZA.

Publicités