Kubera iki atari vyiza kurara ku gitanda kimwe n’umwana w’uruyoya

Umuvyeyi umwe yagabishije abandi bapfasoni bararana n’abana babo inyuma y’aho umwana wiwe w’umuhungu w’amezi atandatu apfiriye.

Rowan Leach w’imyaka 20 yari yireranye uwo mwana wenyene yabonye ko umwana wiwe yapfuye avyutse isaha zitandatu z’ijoro agira amwonse, aca asanga ntagihema.

Uwo muvyeyi ni ko yasiguriye abagira amatohoza kucatumye uwo mwana apfa mu ku gihe yari arindiriye ubufasha.

Umupfasoni Leah yabuze umwana wiwe yagize ati: « Urupfu rw’umwana wanje rwarambabaje cane »

N’aho uyo mwana yaciye anyarukanwa kwa muganga, abavuzi barananiwe kumusubiza muzima, aca acikana mu gicugu, mu kwezi kw’icenda mu mwaka uhze.

Umupfasoni Leah wo mu gisagara ca Southampton yari areze umwana wiwe afashijwe na nyina.

Yarasiguye uko vyagenze imbere y’uko uwo mwana yitaba Imana, avuga ko yasinziriye cane ahajeje gafata umwana wiwe amupfukisha ikoti kuko hari hakanye cane, akaba ahanini yashaka no kumwonsa.

Leah asigura ati : »Naratangaye nsanze umwana wanje aryamye ku rundi ruhande kandi naherutse aryamye ku rundi. »

Uwari arongoye abagira amatohoza Grahame Short ntiyashotse amenya icatumye uwo mwana apfa, kandi ntiyagiriza amakosa uwo muvyeyi yo gusamara.

Ahubwo yavuze ko yumvira ikigongwe abapfasoni birerana abana bonyene batari kumwe n’abo babavyaranye.

Publicités