Muri Afrika y’epfo, abagore b’aba islamu boba bagiye gutunganirizwa

Mu gihe aba islamu babishoboye barekurirwa n’idini ryabo guharika, ibibazo vy’amatungo ni imwe mu ngorane iyo umuryango usambutse.

Sentare ya Afrika y’epfo yahaye leta imyaka ibiri ngo yubahirize ibwirizwa nshingiro mu kurihindura.

Ibisabwa guhinduka ni amategeko yubahirize ubugeni, hagati y’abarongoranye bari mu muryango w’aba islamu.

Intandaro y’ibi, ni urubanza rwabaye muri sentare yo mu burengero bw’intara ya Cape.

Ikigo c’abagore bize ivy’amategeko casiguye ingene abagore barongorwa n’aba islamu barenganywa mu miryango.

Akarorero babona ko kisiguye, ni uburenganzira umugore ahabwa ku bijanye n’amatungo.

Kuvyo bavuga, akarenganyo karushirije n’uko batarekurirwa kubona abana.

Ibi bikaba mu gihe urugo rusambutse.

Muri make, ico kigo casiguye ko uburenganzira bwo kungana imbere y’amategeko butubahirijwe mw’ibwirizwa nshingiro.

Publicités