Turirimbe indirimbo ntugasigeho gusenga

(50 Don’t stop Praying.)

1. Ntugasigeho gusenga,

Yesu ntari kure yawe:

Azoshits’ ivyo yemeye,

Ni waseng’ azokwishura.

2. Ntugasigeho gusenga,

Umwam’ agutez’ amatwi ;

Naho wosaba ka nta co

Ntiyoruh’ agukengera.

3. Ntugasigeho gusenga

Iy’ ushitse mu nyosha mbi;

Ko Yesu yageragejwe,

Ashobora kugufasha.

4. Ntugasigeho gusenga

Iy’ ushitse mu magorwa,

Kukw ata kimuzimira,

Azobiroranya vyose.

5. Ntugasigeho gusenga,

Naho wosenyukirwako

N’amarushwa bo n’ivyago,

Bikurwaho n’ ukwizera.

Publicités