Umunyeshure yapfuye azira gukubitwa ashavuje benshi muri Tanzania

Hari ishavu ryinshi muri Tanzania inyuma y’aho havugiwe ko hari umwana yapfuye azize gukubitwa n’umwigisa wiwe amwagiriza kwiba, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya AFP.

Sperius Eradius w’imyaka 13 yapfuye inyuma y’imisi mike ahanywe n’umwigisha wiwe amwagiriza kumutwara isakoshi, nk’uko AFP ibandanya ivyandika.

Mu kwerekana umubabaro, umuryango w’uwo mwana wanse kumushingura gushika uwo mwigisha abanje kwirukanwa.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu na bwo bwiyamirije ivyo vyashitse, buvuga ko bihonyanga amategeko agenga abana, avuga ko umwana wese ategerezwa gukingirwa, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru co muri Tanzania Guardian.

Publicités