Mairie-Jabe : Inkoho 1,igikono c’amasasu hamwe n’amasasu 21 vyatowe

Inkoho imwe yo mu bwoko bwa Kalachnikov,igikono c’amasasu kimwe hamwe n’amasasu 21 nivyo vyatowe n’igiporisi kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 1 Nyakanga umwaka wa 2018 muri Karitiye ya Jabe mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikirnganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza, Pierre NKURIKIYE amenyeshako ivyo vyatowe indani mu nzu y’ikigo « Imprimerie » citwa IMOBU.

Ayo makuru abandanya avuga ko ikindi catowe muriyo nzu ari ibitura rya gisirikare.