Uburundi bwitavye inama y’ihuriro ya FOCAC mu Bushinwa

Igihugu c’Uburundi citavye inama y’ihuriro ihuza igihugu c’ubushinwa hamwe n’ibihugu vyo k’umugabane wa Afrika FOCAC (Forum pour la Coopération sino-africaine ) ijanye n’imigenderanire hagati y’Ubushinwa na Afrika iriko ibera i Beijing kuva kuruno wa mbere igenekerezo rya 3 Nyakanga umwaka wa 2018.

Iryo huriro rihuza igihugu c’Ubushinwa n’ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika rikaba rizoshimikira cane ku bijanye n’ubutunzi hagati y’ico gihugu nuyo mugabane.

Muriryo huriro igihugu c’Ubushinwa ciyemeje ko kigiye gutanga imiriyaridi 60 y’amadorare y’abanyamerika agenewe mu gisata co guteza imbere Afrika.

Iryo huriro rigize irya gatatu ritunganijwe kuva mu mwaka w’i 2000,igihugu c’Uburundi kikaba caserukiwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE.

Publicités