Urukiko rukuru rwa Kongo rwankiye Jean-Pierre Bemba kwiyamamaza mu matora ya perezida

Urukiko rukuru rwo muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo rwankiye Jean-Pierre Bemba atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’iki gihugu kuziyamamaza mu matora ya perezida ateganyijwe ku itariki ya 23 y’ukwezi kwa cumi na kabiri uyu mwaka.

Ni umwanzuro ushimangiye icemezo cari cafashwe n’akanama k’amatora ka Kongo.

Bwana Bemba yahoze ari umukuru w’inyeshamba akaza no kuba Visi-Perezida muri Kongo, ntiyemerewe kwiyamamaza kubera ko urukiko mpuzamakungu mpanavyaha rwamuhamije icaha cyo guha igiturire ivyabona.

Publicités