UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA YO GUSENGERA IMITWARO N’UBURUNDI YO KUWA 05/09 NA 08/092018

Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse, ku misi (Mercredi na Samedi) twama dufise amasengesho yo gusengera abarundi bose n’uBurundi.

I. URUFATIRO : « Ni murengere ubutandukane bwanyu bw’ivyiyumviro vya politike, ivyiyumviro vy’amadini; murengere amoko yanyu n’imiryango, murengere intara zanyu n’ivyobatandukanya n’abandi maze mwifatanye n’ihanga ry’Imana mugushira Uhoraho Imana imbere ya vyose, mugukunda ihanga ryanyu no guharanira ubuntu kuri bose.”

II. INYIGISHO :

1. Yararishe ikiguzi kugira ngo aducungure (Luka 4:18, Abayefeso 1:7, 1Petero 1:18-21)

2. Yaduhaye ubushobozi bwo kunesha intambara ( 1Abami 22:11, Zaburi 89:17 na 24, 1Abikorinto 15:54-55)

3. Yarashikije ivyahanuwe vyose ( Itanguriro 12:1-3, 49:10, 2 Samweli7:12-16, Mika 5:2, Luka 1:27, Matayo 1:20, Yesaya 7:14)

4. Yararishe ugucungugwa kwacu ( Abigalatiya 3:13-15, Abikilosayi 1:13-14, 1Abikorinto 6:18-20)

5. Imana irashitsa amasezerano yadusezeraniye (2Petero 3:9, Abaheburayo 10:23, 1Tesalonika 5:24)

6. Turashobora kwinjira mubwiza bw’Imana mugusenga, gushima no mukuyikorera.

7. Imana yaratubikiye impera, igitsibo n’umunezero (Yeremiya 29:12, 1Yohana 4:14-15, Mariko 11:24, Zaburi 17:6-7a.

★ :indirimbo : 126;39;249; 210

III.IVYOMPWE YERA YAHISHUYE:

1. Yesu ati (nimuze mwebwe mwese murushe nabaremerewe)

Bagenzi, mureke kwigewanira mu makuba, ubukene, inzara n’imibabaro kuko mugiye gutabagwa.

IV. IMITWARO

1. Musengane umwete mwinshi musengera abarongozi b’ihanga ry’Imana bose, munasengera uburinzi, ibutwari no gushira amanga abadiyakoni, abaririmvyi n’abavugishwa bose.

2 .Gusabira abarundi bose ngo bavavanure n’agatima k’icaha, ububisha, amacakubiri ,ukubesha no gukunda agapfa.

3. Umwe wese mubabishoboye kugurira imfungugwa n’ibinyobwa, ivyambagwa canke imiti aba bantu bakurikira: Abana b’impfuvyi, abana bo mwibarabara, abana abavyeyi babo bari mu bibazo nkubukene, indwara, umunyororo n’ubuhungiro. Mwongere mwite ku mpunzi, abapfunzwe, abagwaye, abagendana ubumuga n’abageze muzabukuru.

Tubaye turabashimira kukigoro k’amasengesho muzogira kuri iyo minsi ibiri .

Ni Dusangwe IMANA-BURUNDI N’ISEZERANO .

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 05/09/2018

Publicités