Amwe mu mafoto y’abatavuga rumwe na reta n’amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike bamaze gushika i Arusha mu biganiro vy’abarundi

Amafoto ya bamwe mu batavuga rumwe na reta n’amashirahamwe avuga yuko ata ho yegamiye muri politike baramaze gushika i Arusha mu biganiro vy’abarundi vyatanguye kuri uyu wa kane ariko intumwa za reta nzirashikayo kuko zivuga yuko uku kwezi kwa 10 aruko ikigandaro.

Ivyo biganiro vyari bitegekanijwe gutangura ku musi wa gatatu itariki 24 z’ukwezi kwa cumi, biza kwungurizwa ku musi wa kane mu guha akanya umuhuza ngo agondoze reta y’Uburundi yemere kuvyitaba.