Mushimire Uhoraho Imana yacu kubwo amasezerano meza yahaye igihugu c’uBurundi

Ivyiza 12 Uhoraho Imana yasezeraniye Ihanga ry’Abarundi.

1. Igihugu c’Uburundi, Uhoraho (YHWH) Imana ya Aburahamu yaragitoranije ngo abarundi bayibere Ihanga Ryera ryayo.

2. I Burundi, Uhoraho Imana y’Ubushobozi yahatoboye iriba ry’Agakiza, Umuvyuro n’Ikanguro kandi n’abanyamahanga bazoza kurinywako.

3. Igihugu c’Uburundi kizokwama kirongogwa n’uwo Uhoraho Imana yo mw’ijuru yirobanuriye ngo atunganirize Ihanga ryiwe.

4. Intwaro y’uBurundi bw’Isezerano ntizoba ari Républicain, démocratique, théocratique, monarchique canke féodal ni iyindi ikiri mu binyegezwa vy ’Imana.

5. Uwuzoba yatoranirijwe kurongora uBurundi azoba azotwara nk’umwami yorohewe kubera yuko atamigambwe canke imigwi yitwaje ibigwanisho izomugwanya.

6. Imbibe z’igihugu c’uBurundi bw’Isezerano zizaguka kubera agakiza n’ikanguro mu Mpwemu, intwaro nziza, ubutunzi, iterambere n’ubugwaneza bw’ihanga.

7. Ubutaka bw’uBurundi buzovumugwa, isi ndimwa yimbuke, ifaranga rigire agaciro, impunzi zitahuke, abarundi babeho neza mbere n’abanyamahanga bipfuze kuza kuba I Burundi.

8. Mu Burundi hazoboneka ubutare n’ubundi butunzi buri mu butaka buzotuma abarundi babaho neza, amabarabara ya kijambere, amagorofa maremare, ama gari yo kundarayi, indege mu kirere, ibitaro n’abaganga vya kijambere…

9. Urwanko n’amacakubiri y’amoko, imiryango, intara, imigambwe n’amadini bizozimangana abarundi babeho mu mahoro, urukundo no gutinya Imana.

10. Uhoraho Imana Isumba Vyose yasutse Mpwemu w’ubwenge n’ibitanganga mw’Ihanga ry’Abarundi ku buryo abarundi n’abanyamahanga bazotangazwa n’ibihakorekera.

11. Iki Rundi ni ururimi rw’Ihanga ry’Imana, ururimi ruzokomera kw’isi n’abanyamahanga baziga kuruvuga.

12. Imbere yuko Isezerano rishika, abarundi bariko baraca mu magume y’ubwicanyi, impfu giturumbuka, uruhungo, inzara n’ubukene, amagwara, ihamwa n’itotezwa, ariko hanyuma yivyo bazobera icitegererezo ciza amakungu.

*Menya ukuri nakwo kuzoguha kwidegemvya* Yohana 8:32.

Vyakuwe mu gitabo “ Abarundi, Ihanga ryatoranijwe n’Imana; Ibanga rinyegejwe mw’Isezerano”

Canditswe na Prof. Levi Rukundo.