Yamara Dawidi mu gihe ciwe amaze gukora ivy’Imana igomba, arasinzira, ahamvya ba sekuruza, arabora.

IVYAKOZWE N’INTUMWA 13:36 Yamara Dawidi mu gihe ciwe amaze gukora ivy’Imana igomba, arasinzira, ahamvya ba sekuruza, arabora.

Mbega jewe nawewe turiko dukorera Imana gute?

Dawidi ashingirwa intahe kubw’igihe ciwe yakozemwo neza.

Tugerageze twubahe Imana mu gihe cacu. Twishimire Imana kandi abe ariyo twizigira.

Umuntu wese arafise imisi yiwe yokubaho,hama igihe kigeze tuzopfa.

Kuko tuziko tuzogenda tukava kur’iyi si tukibagiranwa, nidukoreshe neza umwanya wacu,twiyambure ivyaha n’ibitunaniza. Nimba ufise abagenzi babi botuma utabandanya neza urugendo,babwire ko udakeneye gusamara mu mwanya wawe watijwe wo kuba kw’isi,nibabishaka bazogukurikira nibatabikunda ubareke.

Dusenge: Mwami wacu,Uhoraho, ngwino udushoboze gukora neza kuko ushaka abakwubaha kandi bakwumvira,ni mw’izina rya Yesu Twizeye.

Amen.