Ni co kizotuma ubwoko bw’inkomezi bukwubaha, igisagara c’amahanga y’agaterabwoba kizogutinya

YESAYA 25:3-4 Ni co kizotuma ubwoko bw’inkomezi bukwubaha, igisagara c’amahanga y’agaterabwoba kizogutinya. Kuk’umugorwa wamubereye igihome, wabereye igihome umukene mu vyago vyiwe, ukababera ubwugamo mu gihuhuta, n’igitutu mu ndugumba, iy’inkubi y’abantu b’agaterebwoba imeze nk’igihuhuta gisuka ku nzu. Alleluyaaaa,

DUSENGE: Turagushimiye Mana yacu wabanye natwe waturinze ushimwe n’uyu musi shishikare kuturinda no kutuzigama ni Wewe Buhungiro bwacu ni Wewe Gihome kidukingira Mana Tegura imitego yose badutegeye mw’ibanga mw’izina rya Yesu Kristo Sambura ivyo vyose vyokwikakisha imbere y’amaso yacu mw’izina rya Yesu Kristo Dutabare Murengezi Turengere Turamire Dufate amaboko Dawe Mwiza uyu musi bize kumenyekana k’Uri Imana Wewe Wenyene icubahiri kibe icawe ibihe bidashira Amen.