Mugenzawe ni yakugirira nabi,ugende umuhishuke mwiherereye; niyakwumvira,uzoba wigaruriye mugenzawe.

MATAYO 18:15 Mugenzawe ni yakugirira nabi,ugende umuhishuke mwiherereye;niyakwumvira,uzoba wigaruriye mugenzawe. Ariko n’atakwumvira,ujane umwe canke babiri,kugira ngw’ijambo ryose rize riringanizwe,bivuye mu kanwa k’ivyabona bibiri canke butatu. N’atabumvira ubwire ishengero; niyanka kwumvira ishengero na ryo azoba nk’umunyamahanga n’umutozakori.

Hari ikibazo ubajijwe ngo: *Mbega iyo ugiriraniye ikibazo na mugenzawe, uhora ubugenza gute?*

Mbega ntabwo ucugenda uramwararaza? Nimba waravyitwayemwo nabi,uyu ni umwanya mwiza wo kwisubirako ukikosora kugira satani ntiyame agukoresha.

Dusenge: Uhoraho Nyagasani izina ryawe niryubahwe,babarira ivyaha vyacu,dutunganishe amaraso yawe Yesu. Turwanirire mubiturwanya vyose,tsinda ibiduhagurukiye vyose kandi adushoboze kukwubaha ni mw’izina rya Yesu twizeye. Amen