Umutumiro w’amasengesho yo gusengera imitwaro n’igihugu c’Uburundi yo muri iyi ndwi.

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RYERA RY’IMANA Y’IYI NDWI (03/06-10/06/2019)

Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse twama dufise amasengesho ya bose kabiri mu ndwi kuwa gatatu w’iyinga (Mercredi) na no kuwa gatandatu w’iyinga (Samedi). Uretse amasengesho adasanzwe abera ku bicaniro birenga 38 bitandukanye canke ivyumba vy’amasengesho twita kukarago, dusanganywe bitandukanye; ayabera mu migwi itandukanye y’ intara kama, ayabera mu migwi ya whatsapp nka (Dusabe Mpwemu) na Facebook, abari I Bulaya basanzwe basenga amasengesho yo kwitanga ku wa Mbere w’iyinga (Lundi), Aziya na Ostraliya basenga kuwa 2 w’iyinga (mardi), Afika ni kuwa kane w’iyinga (Jeudi), Canada na Amerika ni kuwa gatanu w’iyinga (Vendredi.)

Kira ndwi tuba dufise urufatiro rwayo, rugizwe n’ibisomwa vyo muri Bibiliya twahawe na Mpwemu Yera, tubadusifise kandi n’indirimbo zatoranije, n’ivyo Mpwemu Yera yahishuye kuri aba na bariya.

Tuba dufise kandi n’imitwaro itandukanye yo gusengera, iyo mwibanga niyo ku mugaragaro, tuba twahawe n’abantu kugiti cabo, imiryango, amashirahamwe n’amashengero atandukanye.

URUFATIRO

– Ntukagire nkunzi ku muntu uwariwe wewe. Abizera bose ubafate nk’abana b’Isumba vyose (Yakobo 2:1-13)

-“MU BIHE BIGOYE URIMWO CANKE WIMIRIJE GUCAMWO UZOKWIZIGIRE UWAPFUYE AKAZUKA MU BAPFUYE WENYENE” 2 Abikorinto 1: 8-11

-“MURI IVYO BIHE WIRINDE UFATE URURIMI RWAWE NTUVUGE IJAMBO RIBI CANKE NGO WANDUZE URURIMI RWAWE” Yakobo 1: 26-27.

INYIGISHO

– Gukoresha nkunzi birahushanye n’ukwizera kw’abakristo (1 Timoteyo 6:16)

– Gukoresha aka mwana wa mama ntibijanye n’intumbero y’ishengero rya Yesu Kristo (Abayefeso 6:9)

– Kuraba igihagararo n’inyambaro ugakoresha nkunzi bitandukanye n’ubugombe bw’Imana ( Imigani 14:31, 19:17, 21:13, 22:22, 28:6)

ICO MPWEMU YERA AHISHURA

-Uwo mwihanga wese agendere « IBANGA » bagire guca bugufi birinde uburyarya no kutumvira kugira ngo bazojabuke uruzi ruri imbere yanyu.

– Uwuri mu gihugu ni arondere umuntu ari mu mahanga amusengere mw’ibanga ico Imana yikorera.

– Uwuri mu mahanga ni arondere umuntu ari mu gihugu amusengere mw’ibanga ico Imana yikorera.

IMITWARO

– Gusenga ngo ubugombe bw’Imana abe aribwo bushika ku gihugu no kw’ishengero.

– Gusengera abo Imana yatoranirije umurimo wayo, abungere, abavugabutumwa, abasenzi, abaririmvyi n’abateramiye Isezerano bose ngo bongerwe inkomezi, uburinzi no kutavangirwa.

-Gusengera abarwaye, abapfunzwe, abafise ubumuga, abageze muzabukuru, impunzi, abaganza n’abera bose.

– Gusengera abakozi b’Imana bo mumashengero atandukanye kugira ngo Mpwemu w’Imana abarongore.

ITANGAZO

Uragomba ubufasha bw’amasengesho?

Uragomba gusigurigwa inzozi?

Uragomba kubatizwa muri Yorodani?

Uragomba gufatanya n’abandi ibikogwa mw’Ihanga ry’Imana?

Twandikire kuri abisezerano@yahoo.com canke +257 61404181, +251940846357,

Umwami Yesu abahezagire!

abisezerano.com