Intahe n’amashimwe y’Ihanga ry’Imana

ICUBAHIRO N’AMASHIMWE K’UHORAHO IMANA YACU

Ihanga Ryera ry’Imana rifise umunezero ntangere kubwo Uhoraho Imana akomeza kwiyerekana mu gihugu iwacu no mu mahanga.

Inyuma yo gukiza ingwara zananiye abahinga zitandukanye, Uhoraho abandanya gukora ibitangaza binyuranye kugera ngo yerekane yuko ari kumwe natwe.

Abavyeyi bamaze imyaka itandatu na cumi barasama, bakibungenga bakanibaruka ibibondo bigakira. Imana yacu ibiheregwe amashimwe n’icubahiro.

Aba mubona ni abavyeyi bagarutse ku bicaniro vy’amasengesho gushima Imana yuko yabateturuye bagasama kandi bakibaruka abo bana mubona.

Tukomeze kwiyeza, kwituganya, kugororoka no gusenga ubudahwema kugira ngo dukorere Uhoraho Imana yacu tutagira agasembwa, nawe azokomeza kutugirira neza.

Umwami wacu Yesu Kristo akomeze kuganza ibihe vyose!

http://www.abisezerano.com