Intahe: Umukenyezi Imana yakijije umugera wa SIDA kubwo amasengesho y’abera.

Hanga Ryera ry’Imana, aho muri hose mu gihugu cacu c’Uburundi no mu mahanga kw’isi yose, mudufashe gukura ubwatsi no gutangaza aho muherereye hose ukugira neza kw’Uhoraho Yehovah Rapha Imana yacu. Imana yadukunze ikadutoranya mu mahanga yose atari uko twari tugororotse, atari uko twitondera ivyagezwe vyiwe gusumba abanda bose mugabo kubwo imbabazi n’ubuntu bw’Imana bubonegwa muri Yesu Kristo Umwami n’umukiza wacu.
Kubwo urukundo n’ubuntu butangaje, Imana Ihoraho, ikomeza kw’umva amasengesho yacu hanyuma igakora ibitangaza bitandukanye kandi bihambaye. Iratwiyereka ikaduha amasezerano kandi igakiza indwara zisanzwe n’indwara abaganga bavuga yuko ari indwara zitagira imiti, zidakira. Kamwe mu turorero twinshi ni uyu mukenyezi mubona yari yaranduye umugera wa SIDA hanyu kubwo amasengesho yacu abera akawukira. Ubu amaze kuwipimisha incuro zitatu zose abaganga bati ni igitangaza warakize.
Tuboneyeho akanya ko guhamagarira abaremwe bose abakuru n’abato kwihana, ukwiyeza no gutunganya ingeso zabo mbi zose kugira ngo mubone ukugira neza kw’Uhoraho mu buzima bwanyu, ubwo igihugu n’ubwo abaremwe bose.
Umwami Yesu Kristo akomeze guhabwa icubahiro n’inganji!