Amakuru avugwa cane mu gihugu c’Uburundi Lien 6 juin 20206 juin 2020 Ihanga Ryera ry-Imana Abisezerano Inkuru y’umunezero n’uko umupfasoni w’umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza yarungitse ubutumwa ahumuriza Abarundi yuko yakize ubu ari muzima. Muri ubgo butumwa arashimira cane abamisengeye Abantu batari bake baguma bahanahana udufoto two kwigina intsinzi mbere bamwe bakabigirana n’iterabgoba ku bandi bishima yuko bagiye gusomera Mu gihe co gutangaza ivyavuye mu matora abajejwe umutekano wo kugwanya abo kwiyamiriza ingingo ya sentare y’ubahiriza ibgirizwa nshingiro bari batonze basa n’abiteguriye inyambara. Haravugangwa kandi y’uko abasenyeri katolika boba bakeje uwuvugwa yuko yatsinze amatora naho mu rwandiko rwabo ruheruka bari berekanye ingingo nyinshi zerekana yuko amatora yibge zotuma agirwa impfabusa. Benshi kugira ngo bemere inzandiko nkizo barindiriye ku vyiyumvira mu “misa” Haguma hakwiragizwa amajambo atariyo ku mbuga zitandukanye avuga ngo abakuru b’ibihugu aba na bariya bakeje iwuvuga yuko yatsinze amatora. Iki ni kimwe mu bimenyetso yuko ubusuma, ukwigana n’ubube gito bundi bufatanye n’ivyavuye mu matora. Uru rwandiko si urwo ukuri. Kubera iki bandika ibintu nkibi bakavyitirira igihugu c’Urwanda ? Ni ububeshi bufise intumbero yo kuyovya abanyagihugu. Haravugwa kandi yuko muri Amerika habayeho amategeko yo guhiga abirabure mu ntara zimwe zimwe. Naho vyose biri uko, bamwe batamba bagatarika, abandi bigonye babona amagorwa, umuruho n’urupfu imbere yabo; ijuru riguma ritangaza intsinzi y’Uhoraho Imana mu minsi ya vuba. Mwese mureme ugutubarwa kw’Ihanga ry’abarundi nti kuri mu minwe y’umuntu canke umugambge w’uwatsinze canke uwatsinzwe mugabo mu kuboko kw’inkomezi kw’Uwaremye isi n’ijuru. Partager :TwitterFacebookLinkedInTelegramWhatsAppSkypeE-mailImprimerWordPress:J’aime chargement… Articles similaires