EVELYNE NTUNZWENIMANA: Umusenzi akaba n’Umuvugishwa n’Imana yerekwa vyinshi ku gihugu no kw’ishengero

UBUHANUZI BG’UMUVUGISHWA EVELYNE NTUNZWENIMANA.

Emelyne NTUNZWENIMANA ni umukenyezi w’umurundikazi yavukiye mu gihugu c’Uburundi, mu ntara ya Gitega muri Komone Mutaho. Yavutse kw’igenekerezo 5 z’ukwezi kawa kane (Ndamukiza) mu mwaka wa 1974. Kubera indyane igihugu cacu caciyemwo yahavuye ahungira mu gihugu ca Tanzaniya mu nkambi y’impunzi ya KARAGO muri Kibondo. Aho niho yaronkeye izina ry’iritazirano rya MUSUMARI kubera yari akerebutse, ari umuhizi akaba n’umukuru w’umugwi wakina umupira w’amaguru n’uwamaboko. Arazwi cane kuko yarabaye umukuru w’indero (Coordinator) aho i Karago mu gihugu ca Tanzaniya mugabo ubu atuye mu gihugu ca Amerika. Iryo zina ryiritazirano ryaramukurikiranye gushika naho umuvugishwakazi w’umunyamerika yitwa Desiree BROWN yamubgiye yuko yitwa musumali (Nail) nka wawundi bateye mu kiganza ca Yesu Kristo.
Uhoraho yaramwihishuriye incuro nyunsi yongera amuha ubuhanuzi bginshi kw’ishengero no ku gihugu. Tuzoza turabashikiriza bukebuke. Mugiye kumwiyumvira kw’ihishurirwa yahawe mu mwaka wa 2012 ryerekeye amungane ane (4) yahawe n’Uhoraho Imana kw’ishengero ryose ryitirirwa Imana yo mw’ijuru. [1. Batereye amagara hejuru, umwe wese ni asame ayiwe; 2. Izere, uhinduke, wihane maze wandike ibaruwa ry’igisabo; 3. Ntuze wigere wigira kabizi kuko ntaco uzi; 4. Ntuze wigere uba umucamanza w’abandi.] Afise n’ihishurirwa ritangaje ryitwa E.D.C (Evaluation, Decision Conclusion). Atubikiye amabanga menshi y’ijuru muzoza murahishurirwa.
Dufise imburi nyinshi yataze ku gihugu cacu c’Uburundi no kubindi bihugu tuzoza turabashikiriza co kimwe n’ubundi buvugishwa bginshi yahawe kw’ishengero.
– Abantu benshi baribuka yuko kuwa 28 Nzero 2013 yagize ati: « Indege izokoroka abigira abahinga bose bazorondera ntaniyo bazobona irengero. Umuntu isi izomumira aho aciye bahabone ariko ntabahinga bazomubona irengero. Eka haba no mu mazi y’umwuzure, mu nzuzi z’ibiyaga, amabahari, inyanja n’ibindi, abahinga bazokoresha ivyuma vyabo nta nakimwe bazobona. » Yavuga indege yo muri Malaisiya yarimwo abantu 239 bava mu bihugu 14 yahavuye ikorokera mu nyanka kuwa 8/03/2014. Abahinga bava kw’isi yose baragiye kuraba aho yakorokeye, bose yibuze iregero n’abarimwo bose.
– Mu mwaka wa 2016 yatubariye yuko yeretswe umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA apfiriye mu ntara ya KARUZI mugabo akabona bagiye ku mushingura mu ntara ya GITEGA. Abitubariye twagize tuti reka tubirindire turabe. Ivyo vyagenze uko yabivuze namwe murabizi.
-Kwigenekerezo rya 6 mu kwezi kwa 6 (Ruheshi) uyu mwaka 2020, igihe uyo mukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yariko arirorerera agapira, Umusenzi akaba n’umuvugishwa Evelyne NTUNZWENIMA yatubariye ngo yumwivise ijwi ry’Uhoraho rimbarira yuko Petero NKURUNZIZA asandavye. Riti ivyo wavugishijwe birashikijwe. Ntitwaciye dutahura ivyarivyo mugabo inyuma y’umunsi 1 gusa kw’igenekerezo rya 8/6/2020 niho leta y’Uburundi yatangaza yuko umukuru w’igihugu yaraye atanze, ahitanywe n’ingwara y’umutima.
Hari n’ibindi vyinshi uwo mukozi w’Imana yaduhishuriye vyerekana neza neuko ari ari umuvugishwa w’ukuri, umuhanuzi yasizwe amavuta n’ijuru kandi akorera Uhoraho Imana. Uyu munsi Umuhanuzi Evelyne NTUNZWENIMANA yahawe gusemerera kw’Ihanga ry’Abarundi ngo twese twihane, twezwe kuko Uhoraho Imana araje gushitsa ico yasezeraniye ihanga ry’Abarundi. Tuzobashikiriza ivyo yeretswe vyinshi binezereye n’ibiteye ubgoba.

4 réflexions sur “EVELYNE NTUNZWENIMANA: Umusenzi akaba n’Umuvugishwa n’Imana yerekwa vyinshi ku gihugu no kw’ishengero

Les commentaires sont fermés.