Yesu Kristo: Isi yinjiye mw’ishengero, Ishengero naryo ryinjira mw’isi habura gitabara ryazina risumba ayandi ricika agakingirizo gusa.

Mw’Ihanga Ryera ry’Imana turabizi, turavyatura kandi tukavuamamaza mu kuri no mu Mpwemu; ntahandi kandi ntayindi nzira umwana w’umuntu ashobora kuronka ubukiriro, uburuhukiro n’ubuhungiro atari muri Kristo Yesu. Mw’ijururu, munsi y’izuba n’ikuzimu nta rindi zina ryo gukirizwamwo atari izina rya Kristo Yesu.