Ijambo rimwe gusa ibintu birahinduka. Uhungire muri Yesu Kristo honyene.

Bagenzi, aba-Kristo nti bakwiriye kuba abo kw’izina gusa. Amasinzi yabo yaratwawe akayombekere ntibabimenya. Benshi bitirirwa Kristo kandi batigeze bamumenya. Hariho abibaza yuko kuba umu-Kristo ari ukuronka amasakaramentu. Ico ni ikinyoma ca satani. Hari n’abibaza yuko kuba umu-Kristo ari ukuja gusenga kw’isabato, kuja gusenga kuwa Mungu canke gukora ibikorwa ibi na biriya mu madini canke mu mashengero yabo. Ivyo vyose ni urusinziriza. Nico gituma abantu bama gusenga kandi bakama bavuga amajambo y’Imana ariko abanyavyaha bakaguma barwira mbere no muri abo bavuga ivyo Imana ububisha bgabo bukaguma buduga buba bginshi.
Uyu munsi ugomba indyadya ababeshi n’abanyavyaha binyegeza ubasanga mu madini n’amashengero. Ugomba inkozi z’ikibi: abicanyi, ababeshi, abasuma n’abambuzi ubasanga mu bantu bama bariko barishongora muvy’Imana.
Aba-Kristo barakwiriye kwikangura, turakwiriye kwivyukiranya ibisamaza n’urusinziriza satani yadusutswemo. Uyu munsi abadafise ukuri nibo baturenza urwamo. Abataye inzira yo kugororoka bakirukira mu nyuguti nibo baja mungo kwigisha inzu kuyindi. Abatamenye Umwami n’umukiza Yesu Kristo nibo bazi gukoresha imbuga ngurukanamajambo aba-Kristo nabo bibereye mugatiro.
Ikangure musemerere abazimiye bazimuruke. Abasinziriye bikangure.
Ni mwibutse abantu yuko Uhoraho Imana agiye kuvuga ijambo rimwe gusa ibintu bihinduke. Mu bibutse ivyabaye kuri NOWA, ivyabaye I Babeli, ivyabaye isodoma na Gomora…
Dusemerere twibutse amahanga yuko umuntu wese ategerezwa kwihana, akezwa kugira ngo ashobore guhugira muri Yesu Kristo. Muriwe niho hari ubgihisho n’uburuhukiro kuko niwe Rutare rutanyiganyiga.
Umwami Yesu Kristo yamamare!