Semerera uhamagarire abantu kwizera, kwihana n’ukwezwa bifatanije no gukenguruka kuko ibindi n’umuruho gusa.

UMWAMI N’UMUKIZA WACU YESU KRISTO ABAHEZAGIRE MWESE.

Iyo umuntu abayeho atagira ivyizigiro vy’ejo nta kintu na kimwe ki mububa. Arashobora kuba afise amafaranga menshi ariko ntamubumba ahubgo aguma yiruka kurondera ayandi , ntaryame ngo asinzire kuko aguma arajwe ishinga n’umutekano wiwe n’uwivyo yarundarunze. Uwufafise Kristo Yesu umusangana amagorwa n’amaganya menshi kandi ataco yarabuze:
Arashobora kuba afise ingabo nyinshi zimurinze mugabo ntasinzire kuko aguma yicura abo bamurinze yuko bashobora ku muhinduka bakaba aribo bamwica, umutima wiwe ukama mu kirere.
Arashobora kuba afise ameza yuzuye ibintu vyinshi kandi vyiza vyo gufungura mugabo akabura akayabagu agahera umunywera.
Arashobora kuba afise mukenyezi n’umuryango mwiza mugabo akaja kubunabuna, abundabunda arondera abo bakorana ivyaha kugira ngo yumve yuko umutima wiwe woruhuka.
Uwamaze gushika ku musaraba wa Yesu Kristo nawe usanga yuzuye ivyizigiro vy’uyu munsi n’ivyejo.
Arashobora kuba ata mafaranga afise mugabo ugasanga aratuje agira ati ubuntu bg’Uhoraho Imana burampagije.
Urashobora gusanga atawumucungerera umutekano afise ahubgo afise n’abansi bamurwanya bamuhora agakiza yahawe ku buntu mugabo akitambukira n’amaguru adakebaguzwa kuko agira ati abamalayika b’Uhoraho Imana barankingiye, akaryama agasinzira.
Arashobora kurarira ikijumpu n’igikombe c’amazi agashima Uhoraho Imana ugasanga afise agatwengo n’umutima ukeye wuzuye urukundo.
Abafise ivyizigiro muri Yesu Kristo kubera yuko twamwizeye, tukihana kandi tukezwa dufise amahoro abonerwa muri we.
Tubipfurije mwese kugira amafaranga n’amahoro, uburinzi n’umunezero, ivyo mufungura n’ivyo munywa no guhwekera imbere y’Imana isumba Vyise, Amen!