
UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’ISHENGERO RYA YESU KRISTO-IHANGA RYERA RY’IMANA YO KUWA 17, 18 NA 19 KIGARAMA 2021.
Turatumiye umuntu wese aba mu gihugu cacu c’Uburundi n’Umurundi wese aba mu mahanga kwifatanya natwe mu amasengesho yo “GUSENYURA INZITIRO Z’IYERIKO” azoba ku magenekerezo ya 17, 18 na 19 kigarama 2021. Dutumiye muri aya masengesho abizera Yesu Kristo bose kwari Umwami n’Umukiza wabo, tutaravye aho binjirira ku minsi w’isabato no ku minsi y’Imana. Umwe wese ashire hasi izina ry’ishengero aja gusengeramwo kugira ngo yitabe aka kamo ka Mpwemu Yera. Dutumiye kandi n’abarongozi b’igihugu c’Uburundi, abasirikare, abapolisi, urwaruka rwose, abakozi ba Leta n’abikorera utwabo.
Abahawe kuzomara iyo minsi itatu yose atawuriye kandi atawunyoye ikintu na kimwe bariyizi. Abandi bose bazomara iyo minsi biyiriza mu kwiyima ibifungurwa vyo mu gitondo na sa sita bafungura ku mugoroba gusa. Abarwaye baremvye bazokora ayo masengesho bafungura.
Abandi basabge gukora ayo masengesho yo kwitanga ni abafise imitwaro ikurikira:
- Abashaka agakiza kuzuye.
- Abashaka gukira indwara zababayeko akaronda.
- Abashaka kubohoka ivyaha n’imigozi ya satani.
- Abashaka kwubaka izabo ngo bagire ingo.
- Abashaka uruvyaro kugira ngo baheke nk’abandi.
- Abashaka uburinzi no kudomwako ikimenyetso.
- Abashaka akazi ngo baronke uburaro n’uburamuko.
- Abafise abana n’abo butakanye basengera imitwaro yabo.
- Abafise imitwaro yo mw’ibanga n’imiruho mu mutima.
Ayo maganya yose ni muyazanire Umwami wacu Yesu Kristo, arabaruhura. Atambuka kumazi, azibiza ingunza, ahaza abashonje, akiza ingwara zoze, azura abapfuye, agatanga ubugingo budashira. [Abifilipi 4:6]
URUFATIRO
-Tugiye kuvuza inzamba kandi twihe akamo kuko inganji ya Kristo Yesu yashinzwe ubudakuka mu gihugu cacu kandi twahawe iri sezerano ryintahava. “N’uko za nzamba zivuze, abantu baca biha akamo: Mbere bacumva ijwi ryazo, baciye biha akamo icarimwe, inzitiro zica zihomvokera hasi, abantu baca bararengagira, bitera mu gisagara, umuntu wese aho yaratumbereye barakinesha” [Yosuwa 6:20]
-Iminsi yose tuzohora dutanguza amasengesho indirimbo ya 88: Yanyishuriye ya myenda yose n’indirimbo ya 186: Izina ry’Umwami Yesu niryo ryokuremesha.
URUTONDE RW’AMASENGESHO
- Umunsi wa mbere w’amasengesho kw’igenekerezo rya 17/12/2021 ni umunsi w’UKWIHANA. [Ivyakozwe n’intumwa 3:19, Abaheburayo 12:14]
*Uwo munsi tuzokwigishana inyigisho z’ukwihana neza ubutagisubira inyuma, kwezwa tukavugutirwa, ukwama twitunganya no kurongorwa na mpwemu Yera. Hazokorwa ibikorwa vyo:
- Kwihana umuntu wese ku giti ciwe ataco asigaje inyuma.
- Kwihana kubgo ivyaha vyakozwe n’abana abavyeyi n’imiryango yacu.
- Kwihana kubgo ivyaha vyakozwe n’abarundi mu gihugu cacu bikazana umuvumo.
*Ku mugorowa w’uwo munsi tuzotakambira Uhoraho ngo yumve amarira n’amaborogo y’Abera bari mu gihugu cacu n’abari mu mahanga. - Tuzinginga Uhoraho arandura igiti cose atateye mw’ishamvu yiwe.
- Tuzosambuza inyigisho za anti-Kristo ziri mu gihugu cacu.
- Tuzosambuza ivyishushanya n’ivy’Imana kandi ari ivya satani mu gihugu.
- Umunsi wa kabiri w’amasengesho igenekerezo rya 18/12/2021 ni umunsi wo GUSENGERA IMITWARO itandukanye. [Matayo 11: 28-30]
- Ugusambuza ivyo amangetengete, amareba n’ubupfumu.
- Ugusengera abarwayi n’abafise imitwaro itandukanye.
- Ugusengera abana bato, abagendana ubumuga n’abahumuye.
- Ugusengera amasezerano umuntu wese n’ay’igihugu cacu
- Ugusengera indyane zo mu mashengero zitabagura imitima.
- Ugusengera imitwaro y’ubukene, inzara, amagwara n’akazi.
- Umunsi ugira gatatu w’amasengesho igenekerezo rya 19/12/2021ni umunsi wo KWIGINA INTSINZI N’UGUSHIMA UHORAHO IMANA YACU. [Gusubiramuvyagezwe 16:34, Zaburi 136: 1-3]
- Ugushima Uhoraho imana yaturinze
- Amashimwe yuko Uhoraho imana ashikije amasezerano
- Gushima ugukomvomvoka kw’inzitiro za Yeriko
- Ugushima yuko Uhoraho Imana igiye kuvumura igihugu cacu.
- Kwigina inganji ya Yesu Kristo mu Gihugu cacu.
- Kuzovuza inzamba no twiha akamo kuri uwo munsi.
Uwo munsi, tuzoririmba, twivuge amazina, dutambe dutarike, twigina intsinzi y’isenyuka ry’inzitiro za Yeriko, dushime Uhoraho Imana mw’izina rya Yesu Kristo, twibukanye amasezerano twahawe, dukore isangira ryera tujane ishikanwa ryacu gufasha abagowe n’abapfunzwe, impfuvyi n’abapfakazi, abagendana ubumuga n’abageze muzabukuru. Umwami Yesu Kristo yamamare!
Shalom nifuza kumenya aho bizobera muhezagirwe
J’aimeJ’aime
Uherereye hehe? Azobera ku bicaniro canke ivyumba vy’amasengesho y’Ihanga Ryera ry’Imana mugabo benshi bazoyakorera aho bageze.
J’aimeJ’aime
Jew ndi i bujumbura.
J’aimeJ’aime
Urampa WhatsApp yawe . I Bujumbura hehe?
J’aimeJ’aime
Hanyuma ndifuza kumenya umuvyuro ni iki?
J’aimeJ’aime
Hariho ibintu bitatu umuntu yomenya navyo ni ivugururwa, umuvyuro n’ikanguro.
– Ivugururwa aho abantu basubiramwo ibintu vyose bakabitunganya bushasha kandi neza.
– Umuvyuro aho ivyiza vyose bahevye babisubirako bakabikora kandi bakabiha agaciro mu ku ikomeze.
-Ikanguro aho abantu bazana inkomezi, amavuta, uburyohe bushasha bakabubamwo kandi bakabgamamaza.
J’aimeJ’aime